Pst Marc Kagisye
Consécration(4ème partie)
Gen 24: 1
Gen 24: 9-24
1 Pie 2: 9-12
Abraham avait le souci du mariage de son fils du fait que la destinée d' Isaac était intimément liée à l'épouse qu' il allait choisir.
Eliézer,serviteur d'Abraham, a eu la mission difficile de trouver cette épouse pour Isaac. Il est parti plein de doutes à cause de la lourdeur de sa tache. C'était lui le chef de mission mais il a gardé à l'esprit que le maître était Abraham et que la mission devait être exécutée conformément aux désirs de ce dernier. Ce que nous,chrétiens,avons tendance à oublier le plus souvent c' est que nous sommes en mission avec Dieu et pour Dieu. Nous devons alors veiller à agir d'une façon qui soit conforme à la volonté de Dieu. Notre préoccupation quotidienne doit être la mission divine qui nous a été donnée et nous devons gardee un désir ardent de vivre une vie consacrée au plan du Royaume.
Quand Eliézer est parti en mission,est-il parti avec ses propres moyens? Non,Abraham,son maître, lui a donné tout ce dont il avait besoin. De même,pour accomplir la mission de Dieu, Il s'occupe de nous donner,automatiquement, toutes les provisions dont nous aurons besoin pour mener à bien notre mission.
Gen 24:34-36, 51-53
Une fois arrivé auprès du père de Rébecca, Eliézer a vanté la grandeur de son maître. Il n'a pas caché que les richesses qu'ils transportaient n'étaient pas les siennes mais celles de son maître. Il n' a pas hésité a s' humilier afin d'élever son maitre.
De même, dans notre mission,nous devons prendre conscience que les intérêts de Dieu passent avant les nôtres. Notre coeur doit être sur la mission uniquement,non sur notre propre personne.
Soyons à mesure de présenter Jésus de sorte que les autres aient envie de le connaître à leur tour.
Nous appartenons exclusivement à Dieu,nous devons annoncer les vertus de Celui qui nous a appelés. Sur terre, nous sommes les représentants de Dieu et nous avons comme mission de le faire connaître au monde.
Nous devons tout faire pour lui ressembler complètement afin de le représenter convenablement.
Pour oeuvrer dans la vie des gens, le Saint Esprit utilise le témoignage des enfants de Dieu. Demandons-nous si notre vie est un témoignage que Dieu peut utiliser.
Ne soyons pas des obstacles au salut des pécheurs du fait du manque de témoignage sur notre vie. En étant consacrés,nous donnerons à Dieu l'opportunité de faire de notre vie un témoignage vivant qui incitera les pécheurs à s'approcher du salut disponible en Jésus Christ.
Soyez bénis!
UMWIGISHA: PASTEUR MARIKO KAGISYE
INYIGISHO : "KWIYEGURIRA IMANA (IGICE CA 4)
ITANGURIRO 24:1, 9-24;
1 PETERO 2: 9-12
Ugushika kw'isezerano ry'Imana kuri Isaka kwari gufatanye n'umugore azotwara, nico gituma se wiwe, Aburahamu, yari afise umwitwarariko cane wo kuronderera umugeni umuhungu wiwe.
Eliyezeri, umubwiriza w'ibintu vya Aburahamu, yahawe igikorwa kitoroshe co kuja kuronderera Isaka umugeni. Yajanye ubwoba kubw'uburemerezi bw'ico yari atumwe. Nk'intumwa ya shebuja, yagumije ku muzirikanyi ko ivyo yatumwe ategerezwa kubikora yisunze amabwirizwa yahawe na Aburahamu.
Twebwe nk'aba Kristo, turakunda kwibagira yuko turi mu butumwa bwo guserukira Imana kandi ko ijana natwe. Dukwiye kugaba kugira ngo vyame bikorwa nk'uko Imana yadutumye igomba. Umwitwarariko wacu wa buri musi ukwiye kuba uhagaze ku muhamagaro w'Imana twahawe no kugumana inyota yo kubaho ubuzima buhagaze ku ntumbero y'ubwami bw'Imana.
Mbega igihe Eliyezeri yaja gusabira Isaka umugeni yagiye yitwaje ubutunzi bwiwe bwite? Haba namba kuko, shebuja Aburahamu, ni we yamuhaye ivya nkenerwa azokoresha mur'urwo rugendo. No mu mihamagaro yacu, Imana ni yo iduha ivyo tuzokenera vyose kugira ngo tuze turangure neza ico twahamagariwe.
ITANGURIRO 24:34-36, 51-53
ELIYEZERI amaze gushika kwa se wa Rebeka, yavuze ubukuru bwa shebuja. Yaremanzeko ivyo yaje yitwaje vyose atari rwiwe ariko ari ivy'uwamutumye. Yaraciye bugufi kugira ngo shebuja ashirwe hejuru.
Mu muhamagaro wacu, dukwiye kumenya neza ko inyungu z'Imana ziza imbere y'izacu kandi ko umutima wacu utegerezwa kuguma werekeje ku muhamagaro atari kuri twebwe.
Reka twamamaze YESU ku buryo dutuma abandi bagira inyota yo kumumenya.
Turi inyegu ziharije z'Imana, dukwiye gukwiza ishimwe ry'Iyaduhamagaye. Duhamagariwe kumenyesha Imana kw'isi kuko turi intumwa zayo. Dukwiye kandi kugenda turarushiriza gusa na we kugira ngo tumuserukire uko bibereye.
Kugira ngo Imana yigaragaze mu bantu, Mpwemu Yera akoresha intahe z'abana b'Imana. Dusuzume neza nimba koko ubuzima bwacu bushingira intahe Imana ku buryo yobukoresha mu kuzana abandi kuri yo.
Ntitubere intambanyi abashaka gukizwa kubwo ubuzima bwacu butagaragaramwo impinduka. Ni twaba abiyeguriye Imana vy'ukuri, tuzoba tuyihaye akaryo ko gukoresha ubuzima bwacu kugira ngo benshi bashobore kuza mu gakiza kabonerwa muri YESU KRISTO.
MUHEZAGIRWE.