- Life Center
- PRÉDICATION
- Hits: 613
Thème: CONSÉCRATION (3ème partie)
- Life Center
- PRÉDICATION
- Hits: 613
Exode 25: 1-11 & 40
Dieu avait,jusque dans les moindres détails, les plans de la tente, et Moïse devait se conformer à ce modèle dans sa construction. La tente était le reflet du ciel.
Dieu nous a donnés l'intelligence et la permission de nous en servir. Mais Dieu a également un plan pour chacun d'entre nous, et on est appelé à vivre selon ce plan. Dieu nous a appelés, Il est notre Seigneur et nous devons respecter le modèle qu'Il désire pour nos vies et ne pas nous en écarter.
Philippiens 2: 5-8
Ces versets nous montrent que notre exemple de consécration, c'est Jésus Christ. En étant chrétien, nous devons comprendre que,au dessus du fait qu'Il résout nos problèmes et nous bénit, Dieu a également des projets pour nous et que c'est Lui aussi qui veut diriger notre vie. Accepter Sa direction est la seule façon d'avancer.
En ayant les sentiments qui viennent de Jésus, nous pourrons librement faire le choix de nous consacrer entièrement à Dieu.
Nous pourrions nous dépouiller des choses auxquelles nous tenons mais qui déplaisent à Dieu, perdre certaines positions pour embrasser notre condition de serviteurs et atteindre l'ultime consécration qui est le sacrifice de notre vie pour la gloire de Dieu.
Marc 6: 24-28 & 6:14 & 8: 28
Matthieu 11:12 & 14:13
Luc 7: 20-23
Jean-Baptiste était un grand serviteur de Dieu mais Sa vie et Sa fin tragique peuvent porter à confusion. Malgré ses conditions de vie, il servait le Seigneur avec joie.
Le véritable bonheur c'est quand nous vivons selon le plan de Dieu et ce dernier ne se limite pas juste au monde.
Parfois nous prions en demandant des choses à Dieu, qu'Il choisisse de nous exaucer ou pas, c'est toujours en accord avec Son plan pour nous. Puissions-nous ne pas être blessés par la volonté de Dieu pour nous, ou encore douter de Lui à cause des difficultés.
Dieu nous a promis des bénédictions,mais notre but principal et ultime dans la vie doit être d'exécuter Son plan et de vivre selon Son appel.
Soyez bénis!
UMWIGISHA: PASTEUR MARIKO KAGISYE
INYIGISHO : "KWIYEGURIRA IMANA (IGICE CA 3)
KUVAYO 25:1-11 & 40
Ihema ry'ibonaniro ryari rifise igicapo c'uko rimeze mw'ijuru. Mose rero yategerezwa kuryubaka yisunze igicapo yahawe n'Imana.
Imana yaduhaye ubwenge kugira ngo tubukoreshe ariko kandi Imana irafise umugambi kuri buri muntu wese, natwe tukaba duhamagariwe kubaho twisunze umugambi w'Imana ku buzima bwacu. Kuva twitavye umuhamagaro, Imana yacitse umwami w'ubuzima bwacu; dukwiye kugendera mu bugombe bwayo, ntitubuce ku ruhande canke ngo tubwirengagize.
AB'I FILIPI 2:5-8
Yesu ni we karorero kacu mu kwiyegurira Imana kwacu. Nk'aba Kristo, dukwiye kumenya ko hambavu y'uko Imana ikemura ibibazo vyacu ikanaduhezagira, iranadufitiye imigambi kandi irakeneye kurongora ubuzima bwacu kugira iyishitse. Kwemera uburongozi bwayo niwo mugisha wacu.
Kugira umutima nk'uwari muri Kristo Yesu bituma duhitamwo ata gahato kwiyegurira Imana burundu.
Dukwiye:
✓ Kwiyambura ivyo dukunda twihambiriyeko ariko bidahimbara Imana;
✓ Kwemera gutakaza ivyubahiro vyacu bimwe bimwe kugira ngo dufate ishusho y'abagurano, gutyo duheze dushikire urugezo rwanyuma rwo kwiyegurira Imana arirwo: gutanga ubuzima bwacu kubw'icubahiro c'Imana.
MARIKO 6:14 & 6:24-28 & 8:28
MATAYO 11:12 & 14:13
LUKA 7: 20-23
N'ubwo Yohani Batista yabaye umukozi w'Imana akomeye, ubuzima bwiwe n'urupfu rwiwe vyohava bitera kuzazanirwa. N'ubwo yari mu bihe bitoroshe, yagumye akorera Imana anezerewe. Umunezero w'ukuri n'igihe turiko tugendera mu mugambi w'Imana ku buzima bwacu, uwo nawo ntugarukira ngaha kw'isi gusa.
Har'ivyo dusaba Imana ikatwishura canke ntitwishure bivanye n'ubugombe bwayo. Ese twogera aho tudatsitazwa n'ubugombe bwayo ku buzima bwacu canke ngo ibibazo bidutere gukekeranya ku Mana.
Imana yadusezeraniye imigisha ariko, intumbero yacu nyamukuru y'ubuzima bwacu ikwiye kuba iyo gushira mu ngiro umugambi wayo hamwe no kubaho muco yaduhamagariye.
MUHEZAGIRWE.