- Life Center
- PRÉDICATION
- Hits: 605
Les blessures de l'âme, obstacle d'une vie consacrée à Dieu
- Life Center
- PRÉDICATION
- Hits: 605
Exode 19 & 1 Corinthiens 6: 19-20 & 1 Pierre 18: 19 & 1 Pierre 2:9 & Éphésiens 2:19 & Galates 3:26 & Jean 1:12 & Romains 6:11 & Philippiens 2:12
Ces versets nous montrent que nous avons été choisis et appelés par Dieu pour lui être consacrés. Il nous a rachetés à un prix inestimable, le sang de Jésus Christ.
En croyant en Jésus, nous sommes devenus Ses enfants, des membres de la famille de Dieu. Et ainsi, nous devons vivre une vie qui reflète notre Père, afin qu'à travers nous Il puisse être reconnu. C'est notre mission sur terre.
Mais cette mission se retrouve trop de fois contrecarrée par les blessures que nous laissent des. Et souvent au lieu de les traiter, nous les minimisons ou les refoulons, et comme résultats elles s'aggravent et notre souffrance se montre dans notre façon de vivre. Car lorsque nous souffrons à l'intérieur, nous faisons obligatoirement souffrir les gens qui nous entourent.
Les blessures nous donnent un tout autre but dans la vie qui est le pouvoir et l'argent, car nous croyons que cela va nous aider à mieux gérer notre souffrance.
Nous devons guérir de toutes les souffrances avec lesquelles nous vivons, de manière à revenir sur le chemin que Dieu a tracé pour nous, notre mission première.
Jonas 1: 1-3 &8-10
Jonas n'a pas obéi à Dieu, parce qu'il ne pouvait pas sauver des gens qui lui ont fait tant de mal. Malgré sa fuite, Dieu ne l'a pas abandonné mais Il a cherché à l'aider à guérir de cette blessure.
Dieu ne veut pas nous laisser dans nos blessures mais plutôt Il veut nous aider à en guérir, et devenir les personnes exceptionnelles qu'Il pensait en nous créant.
C'est en acceptant de guérir que nous apporterons des changements dans le monde, en ayant des comportements et une façon de vivre qui montrent la nature de notre Père.
Soyez bénis!
UMWIGISHA: DIACRE CHRISTIAN CYIZA
INYIGISHO : IBIKOMERE VYO MU MUTIMA NK'INTAMBAMYI YO KUBAHO MU BUZIMA BWIYEGURIYE IMANA.
KUVAYO 19& 1 AB'I KORINTO 6:19-20& 1 PETERO 1:18-19& 1 PETERO 2 :9& ABANYEFESO 2:19& AB'I GALATIYA 3:26& YOHANA 1:12& ABAROMA 6:11& AB'I FILIPI 2:12
Iyo mirongo yose itwerekako twatowe kandi twahamagariwe kuba inyegu z'Imana. Yatuguze igiciro kinini arico maraso ya YESU.
Kwizera Kristo vyaduhaye ububasha bwo kwitwa abana b'Imana, abo mu muryango wayo. Igikorwa cacu ngaha kw'isi n'ugukwiza ishimwe rya Data ku buryo bamumenya biciye mu buzima tubayeho tugaragaza.
Yamara, umuhamagaro wacu uranigirwa mu menshi n'ibikomere duhura navyo mu buzima bwacu. Ivyo bikomere turaheza tukavyirengagiza mu kubipfukapfuka canke tukavyirengagiza ariko bikazotuviramwo ubugwayi bwo mu mutima, ingaruka zavyo zigaheza zikibonekeza mu mibereho yacu kuko, mu gihe tugwaye indani mu mutima, turaheza tukabana nabi n'abadukikuje.
Ibikomere vyacu bihindura intumbero yacu yo kubaho mu kutwerekako amahera n'ukugira ububasha n'icubahiro arivyo vyotumara umubabaro dufise.
Dutegerezwa gukira imibabaro yose tugendana mu mitima yacu kugira ngo tugaruke mu nzira y'Imana ariwo muhamagaro wayo ku buzima bwacu.
YONA 1:1-3 & 8-10
Kudashakako Imana ikiza abantu yar'afitiye inzigo, vyatumye Yona atumvira Imana. Naho yahunze, ntivyatumye Imana imuheba ariko, yagumye imurondera kugira ibashe kumukiza ico gikomere yar'afise kuko yar'umukozi wayo.
Imana ishaka kudufasha gukira ibikomere vyacu kugira ngo tubashe kuba abo yaturemeye kuba.
Kubaho ubuzima bw'ubumana kandi buzana impunduka mw'isi, bizoshoboka mu gihe tuzokwemera kubanza kuvura no gukira ivyo bikomere dufise mu mitima yacu.
MUHEZAGIRWE.