- Life Center
- PRÉDICATION
- Hits: 762
THEME: L'onction ou l'atmosphère de Goshen
Versets
Exode 8: 22-24
Gen 45: 10
Gen 46: 34
Ps 91
L' Eglise,de même que le chrétien de ces derniers temps, doivent vivre dans l'atmosphère de Goshen.
Goshen est la province que Joseph a donné comme refuge au peuple d' Israël pendant la famine. Au moment où ce fléau s'abattait sur le monde,les israélites sont allés chercher des provisions en Egypte car ce dernier était le seul pays qui avait des réserves de nourriture. Quand le peuple de Dieu a atterri en Egypte,il leur a été donné d'habiter dans la province de Goshen. Quand vint le moment de délivrer Israël de la main de Pharaon, Dieu a frappé l' Egypte de plusieurs fléaux afin de démontrer Sa puissance. Les trois premiers fléaux ont frappé uniformément les egyptiens et les israélites. Mais,au moment de relâcher le quatrième fléau, Dieu a mis une distinction entre Goshen et le reste de l' Egypte. Les plaies ont frappé tout le pays mais ont épargné le peuple élu de Dieu.
Dans ces temps derniers,nous verrons de plus en plus de fléaux s'abattre sur la terre. Nous devons croire que nous sommes protégés de tout cela parce que nous sommes le peuple de Dieu,l'atmosphère de protection divine,l'onction de Goshen nous entoure et met une distinction entre nous et les non croyants.
Goshen n'est pas un endroit mais une personne. Nous sommes ainsi appelés à faire de Dieu notre refuge dans tout temps car Il est notre Goshen.
Soyez bénis!
UMWIGISHA: Apôtre Musadziruma
INYIGISHO : "AMAVUTA/IKIRERE C'I GOSHENI"
IMIRONGO Y'UMUSI :
KUVAYO 8:22-24
ITANGURIRO 45:10
ITANGURIRO 46:34
ZABURI 91
Abakristo b'ishengero ry'ibihe vya nyuma bari bakwiye kuba(kugendera, kugendana) mu kirere c'i Gosheni.
Gosheni n'ikibanza Yosefu yahaye ubwoko bwab'Isirayeli mu gihe c'amapfa yari yateye mu gihugu cabo ngo kibabere ubuhungiro babe impore. Ico gihe c'amapfa catumye ab'Isirayeli baja kurondera imfungurwa muri Misiri kuko ari co gihugu cari gisigaranye ibigega vy'imfungurwa. Niho bamaze gushikayo, ubwoko bw'Imana bwaheza bugahabwa Gosheni nk'intara yo kubamwo.
Igihe c'Imana co gukura ubwoko bwayo mu buja kwa Farawo kigeze, Imana yakoresheje ivyago cumi kugira igaragaze ubushobozi bwayo ku mana zab'abanyegiputa. Ivyago bitatu vya mbere vyashikiye bose(ab'Isirayeli n'abanyegiputa) ariko, imbere yo kurungika icago ca kane, Imana yabanje gushiraho itandukaniro hagati ya Gosheni hamwe n'urundi ruhande rw'igihugu rwari rusigaye kuko, ivyago bisigaye vyashikiye igihugu cose ca Egiputa uretse aho ubwoko bw'Imana bwari buri.
Ibihe bibi ntibizobura kuza muri bino bihe vya nyuma, dukwiye kwizera ko dukingiwe ivyo vyago kuko turi ubwoko bw'Imana ; gukingirwa n'ijuru n'amavuta y'i Gosheni biradukikuje; nivyo bishiraho itandukaniro hagati y'abizera n'abatizera.
Gosheni ntabwo kigereranywa n'ikibanza ariko, n'umuntu. Imana ni yo Gosheni yacu, duhamagariwe kuyigira ubuhungiro bwacu bw'ibihe vyose.
Muhezagirwe.