ue compétiteur doit avoir une discipline propre à son domaine pour atteindre son but. De même,le chrétien doit avoir une discipline conforme à son appel et faire des sacrifices afin d' hériter de la couronne de gloire de Dieu.
Tout sacrifice ou privation que fait le chrétien l’amène à vaincre le mal, et ainsi il atteint un autre niveau de sanctification.
Voici les promesses que la Bible dit appartenir aux vainqueurs:
Apoc 2: 7, 11, 17, 26
Apoc 3: 5, 12, 21
- la seconde mort n’aura pas de pouvoir sur les vainqueurs
- les vainqueurs mangeront de la manne cachée.
- les vainqueurs régneront sur les nations.
- les vainqueurs seront revêtus d'habits blancs
- les noms des vainqueurs ne seront jamais effacé du Livre de Vie
- Christ proclamera les noms des vainqueurs à son Père,devant tous les anges
Par ces promesses, Christ encourage les chrétiens à garder la même ferveur, le même feu pour Lui comme au premier jour.
Par ces promesses,nous voyons également que la responsabilité de la victoire incombe aux croyants. En faisant preuve de foi persévérante,le chrétien est certain d'atteindre cette victoire. En ne se laissant pas intimider par le diable et ses plans perdus d'avance,le chrétien a la garantie de vaincre
Apoc 21: 7
Christ a vécu,et nous sommes vraiment de Lui si nous participons dans Sa victoire
Apoc 21: 8
Le chrétien doit fermement garder sa foi car le jugement s'abattra sur les lâches
Job 14: 7-10.
Dans les pires circonstances, la foi accorde la victoire,gardons- la jalousement.
Soyez bénis
Pasteur Marc KAGISYE
==============================================
Isezerano ry'Imana ku banesha
------------------------------------
1 ab'i Korinto 9:24
Uwurushanywa wese akwiye kugira inyifato ibereye ijanye n'ico ahamagariwe, kugira ngo ashobore gushika ku ntumbero. Ni ko bimeze no ku mukristo, ategerezwa kugira inyifato ihwanye n'ihamagarwa ryiwe akongera akagira n'utwigoro mu kugira ivyo aheba kugira ngo azohabwe igitsibo n'Imana.
Ico cose umukristo aheba canke yiyima, kimushikana ku kunesha ikibi, gutyo agashikira urundi rugezo rw'ukugororokera Imana.
Ngaya amwe mu masezerano yerekeye abazonesha dusanga mw'ijambo ry'Imana:
Ivyahishuriwe Yohana 2: 7, 11, 17, 26
Ivyahishuriwe Yohana 3: 5, 12, 21
- Urupfu rwa kabiri ntaco ruzogira abazonesha;
- Abazonesha bazohabwa kuri Manu inyegejwe;
- Abazonesha bazohabwa ububasha bwo kuganza amahanga;
- Abazonesha bazokwambikwa impuzu zera;
- Abazonesha amazina yabo ntazosiribangwa mu gitabo c'ubugingo;
- Yesu azokwatura amazina y'abazonesha imbere ya Data, n'abamalayika biwe.
Kubw'ayo masezerano, Kristo ariko aratera intege abakristo ngo bagumane ishaka n'umuriro wo kumukunda nk'uko vyari bimeze umusi wambere.
Kubw'ayo masezerano kandi, turabonako uruhara runini rufiswe n'abakristo kugira ngo bashobore kunesha; basabwa kugaragaza ukwizera kutanyiganyiga kugira ngo bashikire iyo ntsinzi. Mu gihe turemye ntiduterwe ubwoba na satani n'imigambi mibi yiwe, ntakabuza tuzonesha.
Ivyahishuriwe Yohana 21:7
Kuba turi aba Yesu, biraduha amahirwe yo kuzogira umurage kuvy'iwe kuko tur'abana b'Imana.
Ivyahishuriwe Yohana 21:8
Umukristo wese akwiye gushishikara muvyo yizera ntabidohokemwo kuko, ibijora(ababivamwo, abiyonjorora kuvyo batuye bakizera) bazohabwa igihano.
Yobu 14:7-9
Twumire ku kwizera kuko, mu bihe bikomeye, hamwe umenga vyose vyapfuye, nta vyizigiro bihari: ukwizera kwama gusubira kukatunagura mu nkomezi nsha, kukadushikana mu ntsinzi yacu.
Muhezagirwe.
Pasteur Mariko KAGISYE