Versets: Mat 16:18, Eph 3:10, Apoc 1:16, 1 Cor 2: 16
2 Rois 3: 11-12, Mat 5: 13
Dieu nous appelle ses ambassadeurs ou ses représentants ici sur Terre. Il veut que partout où que nous soyons nous véhiculions sa pensée et montrions sa sainteté.Mais,force est de constater que l'église a été envahie par la pensée,les manières du monde. Nous sommes devenus des chrétiens tièdes, impénitents,incrédules,désobéissants et n'hésitant pas à nous compromettre. Quand le monde nous regarde,nous n'avons aucun témoignage.
Pourtant la Bible dit que nous sommes le sel de la terre,le sel dont les rôles sont de relever le goût des aliments,de les conserver,de changer leur texture,etc.. Sommes nous entrain d'influencer notre entourage comme Dieu le souhaite?
Il est temps aujourd'hui de prendre la décision de ressembler à notre Dieu,afin qu'Il reçoive la gloire qui lui est due.
Comme un prophète ressemble à son maître,il est de notre devoir de décider d'abandonner tout ce qui nous rend différent de notre maître.
Avec Pasteur Kagisye Marc
====================
Hoba hariho umuvugishwa?
----------------------------
2 Abami 3:11-12, Matayo 16:18, Abanyefeso 3:10, Ivyahishuriwe Yohana 1:16, 1 Ab'i Korinto 2: 16, Matayo 5:13
Imana itwita abaserukizi bayo ngaha kw'isi, yipfuzako tubaho turiko turagaragaza iciyumviro cayo n'ukwera kwayo. Yamara naho ivyo arivyo Imana yari itwitezeko nk'ishengero, ingorane yahabaye n'uko iryo shengero nyene ryatewe n'ivyiyumviro hamwe n'imikorere nk'ivyo isi igenderako. Twahindutse abakristo bakazuyazi, batizera, babagarariji kandi badatinya kuvanga ivy'Imana hamwe n'ibindi vy'isi, kugeza aho isi ituravye ata tandukaniro ibona hagati yacu na yo.
Naho biri uko, Bibiliya ivugako twebwe ishengero turi umunyu w'isi: umunyu usanzwe ufise utumaro twinshi nko guha akanovera imfungurwa, gutuma ibintu bibikika neza umwanya muremure...Mbega twoba turiko turatuma ikibano cacu aho duherereye babona Imana bagahinduka nk'uko ibishaka? Igihe kirageze aho dukwiye gufata ingingo yo gusa n'Imana yacu, gutyo ishobore guhabwa icubahiro cose ikwiriye.
Nk'uko umuvugishwa asa n'umwigisha wiwe, natwe dukwiye guhitamwo kwitandukanya n'ico cose gituma tudasa n'Imana.
Muhezagirwe.
Pasteur Mariko KAGISYE