Matthieu 28: 19-20
Nous avons reçu le salut en croyant à la Bonne Nouvelle, et cette dernière apporte un changement quand nous donnons la priorité au travail de Dieu sur notre caractère.
Romains 8: 17-18
La promesse de co-hériter avec Christ s'accompagne de souffrances car le monde nous rejettera. Certaines souffrances nous seront pourtant bénéfiques puisqu'elles sont des outils de transformation de notre caractère.
Philippiens 2: 5-7
Colossiens 3: 12
L'amour de Dieu nous incite à Lui faire plaisir en tuant notre caractère afin d'adopter le caractère de Jésus. Nous ne devons pas légitimer nos mauvais comportements, mais plutôt demander la force de résister aux tentations
1 Corinthiens 6: 20
Dieu n'exige rien d'autre de nous si ce n'est que nous vivions une vie qui soit un témoignage pour le monde.
Galates 4: 19
Le but ultime de chaque chrétien doit d'être transformé à l'image de Jésus, de devenir les personnes que Dieu a voulu que nous soyons.
Voici certaines réalités:
1. Notre succès est toujours à la hauteur de la transformation de notre caractère.
2. Atteindre un niveau supérieur exige une nouvelle et meilleure version de nous-mêmes.
3. Parmi nous,il y en qui sont entrain de traverser la vie et d'autres qui sont entrain d'évoluer à travers la vie. Demandons-nous si nous ne sommes en stagnation spirituelle.
4. La vérité que la plupart ignore, c'est que ne pas évoluer est un grand risque.
5. Les personnes qui réussissent sont disciplinées et sont prêtes à faire le travail nécessaire et non seulement ce dont elles ont envie.
6. Lorsque nos valeurs sont claires, nos décisions sont faciles. Nous devons obéir à Dieu sans compter le degré de difficulté.
7. Les personnes qui réussissent se focalisent sur le bon service à rendre, et non sur le succès. Le succès est le résultat, et le service est la vision.
C'est important d'aspirer au changement intérieur par la transformation de notre caractère à travers le travail de Dieu. L'image de Jésus doit se manifester dans notre vie, et ainsi nous atteindrons notre plein potentiel.
Soyez bénis!
==========================
Ishusho ya Kristo
-------------------------------
Matayo 28: 19-20
Twaronse agakiza mu kwizera ubutumwa bwiza, ubwo nabwo buraheza bukazana muri twebwe impinduka mu gihe twemereye Imana ngo ikore kuri kamere yacu.
Abaroma 8: 17-18
Isezerano ryo kuraganwa na Kristo, rirafatanye n'ukubabazwa kuko isi izoduhama. Imibabaro imwe imwe izotubera myiza kuko izoba igikoresho c'uguhingura kamere yacu.
Ab'i Filipi 2: 5-7
Ab'i Kolosayi 3: 12
Urukundo rw'Imana ruduhamagarira kumunezereza mu kwica kamere yacu kugira ngo tugire kamere ya Kristo. Ntidukwiye kwishigikira mu makosa yacu, ahubwo dukwiye kwama dusaba Imana ubushobozi bwo kunesha ibitugerageza.
1 Ab'i Korinto 6: 20
Imana ntakindi idusaba atar'uko tubaho ubuzima buyishingira intahe mw'isi.
Ab'i Galatiya 4: 19
Intumbero nyamukuru y'umukristo wese itegerezwa kuba iyo guhinduka mw'ishusho ya Yesu, hamwe no gusa n'uko Imana ishaka.
Bimwe muvyo dukwiye kumenya:
1. Gutera imbere kwacu ntigushobora kurenga urugezo rw'uko kamere yacu igenda irahinduka.
2. Gushika ku rugezo rwo hejuru vyama bidusaba kuba uwundi muntu mushasha, agenda arakura ahinduka.
3. Urakwiye kwibaza uti mbega ivyo ndiko ndacamwo har'ico biriko biranyigisha kugira ntiwisange ata ntambwe uriko uratera.
4. Dukwiye kwemera guhinduka mu kugira utwigoro n'ukwitanga kuko kudatera intambwe ari kwishira mu kaga.
5. Abantu batera imbere si ababa bashoboye, ariko kandi barongera bakagira urutonde ntibapfe uko bifashe canke uko bakoze. Baritera intege mu kudakora gusa ivyo bashaka, ariko cane cane bagakora ivyo bategerezwa gukora.
6. Dukwiye kugira ivyo twemera bitomoye kuko bidufasha no gufata ingingo zitomoye; dukwiye kandi kwumvira Imana tutaravye intambamyi uko zingana.
7. Abantu batera imbere ntibashira imbere kumenyekana, ahubwo bashimikira ku gukora neza igikorwa cabo. Kuba rurangiranwa si intumbero, ahubwo biva mu gushitswa kw'iyerekwa ryo gukorera abandi.
Ni ngombwa kwipfuza kwibonako impinduka indani muri twebwe biciye ku guhinduka muri kamere yacu, duhinduwe n'Imana.
Ishusho ya Yesu ikwiye kuboneka mu buzima bwacu, gutyo tuzoheza tugaragaze ubwiza bwose Imana yashize muri twebwe.
Muhezagirwe !
Umwungere Mariko KAGISYE